Shampiyona irakomeje mu Bwongereza

Chelsea iracyari ku mwanya wa mbere muri shampiyona Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Chelsea iracyari ku mwanya wa mbere muri shampiyona.

Mu gihe amashampiyona akomeye mu mupira w'amaguru nko mu Budage no muri Espagne badakina mu kiruhuko cy'iminsi mikuru ya Noheli n'Ubunani, mu Bwongereza ho hateganijwe imikino myinshi.

Kuri uyu wa gatanu 26/12/2014 ikipe ya Chelsea iri ku mwanya wa mbere w'urutonde rwa shampiyona izahura na West Ham iri ku mwanya wa kane.

Chelsea irarusha gusa amanota atatu ikipe ya Manchester City iri ku mwanya wa kabiri ikaba izahura na West Bromwich Albion.

Uyu azaba ari umukino wa kabiri Chelsea izakina mu gihe cy'iminsi 11 igomba gukinamo imikino ine.

Umutoza wa Chelsea, Jose Mourinho, yavuze ko mu Bwongereza amakipe akina ku itariki ya 22 z'ukwa cumi na biri, agakina ku itariki ya 26 na 28 z'uko kwezi agakina kandi ku bunani mu gihe abakinnyi bo muri shampiyona zo mu Budage no muri Espagne bo baba bibereye mu kiruhuko.

Ku mugabane w'Uburayi, shampiyona ya La liga yo muri Espagne izasubukura imikino ku itariki ya 3 z'ukwa mbere naho Bundesliga yo mu Budage yo izasubukurwa kuri 30 z'ukwa mbere.