Chelsea ntiyashoboye kwongera umwitazo

Chelsea ihejeje umwaka iri imbere muri Premier League Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Chelsea ihejeje umwaka iri imbere muri Premier League

Chelsea ntiyashoboye kwongera cane amanota irusha iyindi migwi muri Premier League mu gihe isagirijwe na Manchester City.

Yananiwe kwikura imbere ya Southampton ku kibuga ca St Mary binganya kimwe ku kindi.

Sadjo Mane yashize imbere Southampton n'igitsindo ciza, ariko umugwi wa Jose Mourinho wakigomboje igitsindo naco ciza cane ca Hazard.

Chelsea yabandanije isatira cane, ariko Southampton yerekana umukenyuro mwiza cane, hamwe n'uguhagarara neza kw'umunyegoli wayo.