Steven Gerrard agiye gusezera Liverpool

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Steven Gerrard, capitain wa Liverpool

Steven Gerrard ubu yujuje imyaka 34, yabanye n'umurwi wa Liverpool guhera ku rugero rwawo rw'abana, agifise imyaka umunani.

Avuga ko ingingo yo gusezera uwo murwi itamworoheye gufata.

Bivurwa ko Steven Gerrard ashobora kwimukira muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Avuga ko adashobora gukinira uwundi murwi kuko ngo adashobora kwiyumvisha uko yokinira mukeba wa Liverpool.

Haraheze imyaka 10 Steven Gerrard ahesheje intsinzi Liverpool mu rukino rwanyuma rwa Champions' League, aho uwo murwi waduze uva kuri 0-3 vya AC Milan ugatwara igikombe.