Ni bande bazaba badahari muri Premier League?

Abakinnyi 16 bo muri Premier League bazaba bari mu gikombe cya Afurika Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abakinnyi 16 bo muri Premier League bazaba bari mu gikombe cya Afurika.

Umukinnyi wo hagati wa Manchester City – Yaya Toure - niwe mukinnyi ukomeye cyane mu bakinnyi 19 bo muri shampiyona y’umupira w’amaguru mu Bwongereza bagiye gukinira ibihugu byabo mu irushanwa ry’igikombe cya Afurika rizatangira ku itariki ya 17 za kuno kwezi muri Guinee Equatoriale cyangwa se iry’igikombe cya Aziya.

Ikipe y’igihugu cya Cote d’ivoire iramutse igeze ku mukino wa nyuma uzaba ku itariki ya 8 z’ukwa kabiri, Yaya Toure ntiyabasha gukina imikino itanu mu ikipe ya Manchester City, harimo n’uzayihuza na Chelsea iri ku rutonde rwa shampiyona ku itariki ya 31 za kuno kwezi.

Amakipe 12 yo muri shampiyona yo mu Bwongereza azohereza abakinnyi mu irushanwa ry’igikombe cya Afurika hagati y’itariki ya 17 z’ukwa mbere kugeza kuya 8 z’ukwa kabiri n’irushanwa ry’igikombe cya Aziya rizamara ibyumweru bitatu.

Abakinnyi 16 bose bari muri Guinee Equatoriale naho batatu bari muri Australia.

Dore urutonde rw'ayo makipe n'abakinnyi azaba adafite:

Crystal Palace: Yannick Bolasie (DR Congo) Adlene Guedioura (Algeria) Mile Jedinak (Australia) Kwesi Appiah (Ghana)

Everton: Christian Atsu (Ghana)

Leicester City: Riyad Mahrez (Algeria)

Liverpool: Kolo Toure (Ivory Coast)

Manchester City: Yaya Toure (Ivory Coast)

Newcastle United: Papiss Cisse (Senegal) Cheick Tiote (Ivory Coast)

Southampton: Sadio Mane (Senegal) Emmanuel Mayuka (Zambia) Maya Yoshida (Japan)

Stoke City: Mame Biram Diouf (Senegal)

Swansea City: Wilfried Bony (Ivory Coast) Ki Sung-yueng (South Korea)

Tottenham Hotspur: Nabil Bentaleb (Algeria)

West Ham United: Cheikhou Kouyate (Senegal)

West Bromwich Albion: Youssouf Mulumbu (DR Congo)