Ronaldo: Umukinyi wa mbere wa FIFA 2014

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Cristiano Ronaldo yashimwe na FIFA nk'umukinyi wa mbere wa 2014

Cristiano Ronaldo yikwirikiranije kabiri gutwara ikibanza ca mbere ca FIFA -Ballon d'or- aho amaze kugitsindira incuro gatatu.

Yarushije umunya Argentine Lionel Messi, n'umunyezamu w'Umudagi Manuel Neuer.

Agashimwe ku watsinze igitego ciza, katahukanywe n'umunya Colombia, James Rodriguez, ku gitsindo mu rukino rwahuza Colombia na Uruguay mu nkino z'igikombe c'isi ca 2014.

Yagiye imbere ya Stephanie Roche yatangaje benshi mu kuja ku rutonde rw'abatoranijwe, kubera igitego ciwe cashizwe ku rubuga rwa Youtube, hamwe rero na Robin Van Persie wo muri Hollande