Afrika izoja muri Tour de France

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Tour de France

Umurwi uzoja muri Tour de France ni MTN-Qhubeka, uturuka muri Afrika y'epfo, ariko urimwo abanyonzi baturuka mu bihugu bitandukanye, birimwo Eritrea, Urwanda na Algeria.

Umuyobozi wa Tour de France yavuze ko yizeye ko kubona hari umurwi wa Afrika uzoja muri iryo higanwa azotangura mu kwezi kw'indwi, bishobora gufasha gutez'imbere amahiganwa yo gusiganwa n'amakinga kuri uwo mugabane wa Afrika.