Man City yarangije gusinyisha Wilfried

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Wildfried Bony

Bony yemeye gukinira City mu kiringo c'imyaka ine n'igice kugera mu 2019, akazokwambara nimero 14.

Uyo mukinyi aturuka muri Cote d'Ivoire, ubu akwije imyaka 26, yavuze ko anezerewe cane, kandi ko ari iteka kuri we, ariko kandi ko ari intambwe atokwita iyoroshe.

Yagiye muri Swansea aguzwe £12,000 000 avuye muri Vitesse Arnhem mu 2013, akaba ariwe yinjije ibitego vyinshi mu nkino za Premier League mu mwaka uheze, aho yakwije ibitsindo 24.

Iyo mirwi yumvikanye kumuhana mu mpera z'indwi ishize, aho Manchester City yahaye Swansea £ 25, 000 000, ikazoyongera izindi miliyoni zitatu mu nyuma.

Bony agiye mu rwego rw'abakinyi b'abanya Afrika bazinvye kurusha abandi, muri kahise k'umupira w'amaguru.