Ubwongereza: Akamuna muri FA

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umumenyereza wa Chelsea yari yavuze ati gutsindwa Bradford koba ari akamuna

Imirwi iri kw'isonga muri 20 ya mbere mu gihugu, Premier League, ariyo Chelsea na Manchester City, na Southampton yakuwe mw'ihiganwa rya FA n'imirwi yo mu ciciro co hasi.

Chelsea yatsinzwe na Bradford City 4-2 , n' ubwo yari yihaye umwitwangirwa mu gutsinda ubwa mbere ivyo bitego bibiri.

Nayo Manchester City yatsinzwe na Middlesbrough 2-0.

Umurwi wa gatatu muri Premier League, Southampton, watahanye 2 kuri 3 vya Crystal Palace.

Ejo kuwa gatanu naho, Manchester United, wanganije n'uwundi murwi wo mu ciciro gitoyi, Cambridge United.

Icatangaje benshi n'uko iyo mirwi y'ibihangange 3 , Chelsea, Man City, na Southampton yatsindiwe ku bibuga iwabo.