Diego Costa yahagaritswe imikino itatu

Diego Costa yazize guhonyorana mu rukino ruheruka na Liverpool Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Diego Costa yazize guhonyorana mu rukino ruheruka na Liverpool

Rutahizamu wa Chelsea, Diego Costa, yahawe igihano co kudakina imikino itatu kubera guhonyora Emre Can wa Liverpool.

Uwo mukinyi w'imyaka 26 azobura mu rukino rwo kuwa gatandatu rwa Premier League mu Bwongereza, aho Chelsea izohura na Manchester City ku kibuga ca Stamford Bridge.

Ntiyemerewe kandi gukina imikino ya Aston Villa hamwe na Everton.

Ico gihano c'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, FA, kijanye n'ivyabaye ku munota wa 12 kuwa kabiri, mu rukino rwo kwishura rw'ica kabiri c'igikombe ca League Cup.

Umumenyereza wa Chelsea Jose Mourinho yavuze ko ivyabaye yari impanuka isanzwe.

Costa yaguzwe ku mahera imiriyoni £32 avuye Atletico Madrid, amaze kwinjiza ibitsindo 17 mu nkino 19 za Premier League mw'ihiganwa ry'ubu.