Serena Williams yemeye kwitaba Indian Wells

Serena Williams Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Serena Williams yari amaze imyaka 14 atitaba Indian Wells

Serena Willians yahagaritse kwanka kwitaba ihiganwa rya Indian Wells, inyuma y'imyaka 14 afashwe nabi bifatiye ku rukoba muri iryo higanwa.

Uwo munyamerika azokwitaba ihiganwa rya BNP Paris Bas Open muri ako karere ka California.

uwo mukinyi wa mbere wa Tennis mu bagore afise imyaka 33 yavuze ati : ''Vyari bigoye kwibagirwa amasha namaze ndiko ndaririra mu cumba twambariramwo aho Indian Wells''

Williams yatsinze Maria Sharapova mw'ihiganwa rya Australian Open mu kwezi guheze aca atsindira igikombe kigira 19 ca Grand Slam.

yari yatsinze ubugira kabiri ihiganwa rya Indian Wells akiri umuyabaga mu 2011.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Time , Williams yemeje ko azokwitaba iryo higanwa mu kwezi kuza.