"Inzovu" za Cote d' Ivoire zakiranywe akaneza

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inzovu za Cote d'Ivoire mu vyishimo inyuma yo gutwara igikombe ca Afrika

Abafana b'umupira w'amaguru baraye mu birori mw'ijoro ryakeye, inyuma y'aho Cote d'Ivoire itsindiye Ghana ku muheburo, babanje gutera za penaliti.

Abantu isinzi batonze kw'ibarabara riva ku kibuga c'indege rigana ku kibuga gikuru, bakoma amashi.

Kuva mu gitondo iryo barabara ryari ryuzuye.

Perezida Alassane Wattarra yaciye atanga umunsi w'akaruhuko mu gihugu cose.

Bubaye ubwa mbere kuva mu 1992, Cote d'Ivoire itahukana ico gikombe, ari naco gihembo ca mbere gishimishije mu nkino ku mugabane wa Afrika.

Cote d'Ivoire yari yigeze gushika mu rukino rwa nyuma/ finale mu 2006 na 2012, ariko iratsindwa.