Mali yirukanye umumenyereza Henryk Kasperczak

Henryk Kasperczak yirukanywe na Mali Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Henryk Kasperczak yirukanywe na Mali

Mali yirukanye umunyereza w'umugwi nserukiragihugu w'umupira w'amaguru, Henryk Kasperczak, nyuma yo kudakina neza mu gikombe ca Afrika.

Ishirahamwe rya Mali rijejwe imupira w'amaguru ryavuze ko nyuma yo kugirana umubonano n'uwo munye Pologne w'imyaka 68, humvikanywe ko amasezerano yiwe atazosubirwamwo.

Kaspercszak ntiyashoboye kurengana inkino z'imice mw'ihiganwa riheruka kubera muri Guinee Equatoriale.

Mali yahejeje inganya na Guinee, ariko ica ikurwa mw'ihiganwa nyuma ya tombola hagati y'imigwi yombi.

Ikipe Eagles vyitezwe ko igena umumenyereza mushasha itariki 25 z'ukwa gatatu, abahoze bayimenyereza Alain Giresse, Stephen Keshi na Patrice Carteron, bikaba vyibazwa ko aribo bazohiganirwa ico kibanza.