Van Gaal akeneye imyaka itatu

Roy Keane yibaza ko Van Gaal akene imyaka itatu kugira yubake United Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Roy Keane yibaza ko Van Gaal akene imyaka itatu kugira yubake United

Uwahoze ari kapitene wa Manchester United, Roy Keane, avuga ko ryoba ari ibara riguye Manchester idahejeje mu kibanza ca kane.

Ariko kandi avuga ko yemera ko umumenyereza Louis Van Gaal akeneye imyaka ibiri canke itatu kugira asane iyo kipe.

Amahirwe ya nyuma ya United yo gutwara igikombe uno mwaka yatwawe n'umuyaga nyuma yo gutsindwa 2-1 na Arsenal mu ca kane ca FA Cup.

Mu kiganiro ca nyuma y'urukino kuri television ya BBC, Roy Keane yagize ati: "Van Gaal azonengwa, ivyo bitegerezwa kuba. Ariko akwiye guhabwa amahirwe yo kugerageza, nk'imyaka ibiri canke itatu."

United ubu ni iya kane muri Premier League, ariko mu nkino cumi zisigaye igomba guhura n'ibihangange Liverpool (iwayo), Manchester City (muhira), Chelsea (iwayo) hamwe na Arsenal (muhira).

Mu rukino rw'ejo kuwa mbere United yinjijwe ica mbere na Nacho Monreal, imbere y'uko Rooney yinjiza ica United co kunganya.

Uwahoze ari rutahizamu wa United, Danny Welbeck, yinjije ic'intsinzi imbere y'uko United irangiza urukino ifise abakini cumi nyuma y'ikarata itukura yeretswe Angel Di Maria akweze ishatsi y'umuhagarikizi.