Abaregwa amacakubiri bazitaba abacamanza

Isanamu y'umwirabura yankirwa kwinjira gari ya moshi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Isanamu y'umwirabura yankirwa kwinjira gari ya moshi

Abagabo batanu bategetswe kwitaba abacamanza nyuma y'indirimbo y'amacakubiri muri metro i Paris imbere y'urukino rwa Chelsea mu kwezi guheze.

Igipolisi co mu muji wa London mu Bwongereza, Scotland Yard, cavuze ko ihamagazwa ry'abo bagabo rijanye n'ivyasabwe n'igipolisi vyo kubabuza kuja mu nkino z'umupira w'amaguru.

Induru zabanye nyinshi nyuma y'aho abakunzi b'umugwi w'umupira w'amaguru wo mu Bwongereza, Chelsea, bagaragariye muri video bariko bararirimbi indirimbo y'amacakubiri, banankira umugabo w'umwirabura kwinjira muri gari ya mushi.