Abakinyi ba Chelsea "bitwaye nk'inzoya"

Zlatan Ibrahimovic wa PSG avuga ko abakinyi ba Chelsea bitwaye nk'inzoya mu kumuhesha ikarata itukura Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Zlatan Ibrahimovic wa PSG avuga ko abakinyi ba Chelsea bitwaye nk'inzoya mu kumuhesha ikarata itukura

Rutahizamu wa Paris Saint Germain, Zlatan Ibrahimovic, yavuze ko abakinyi ba Chelsea bitwaye nk'impinja igihe haba ivyatumye ahabwa ikarata itukura.

Uwo munye Suede yakuwe mu rukino amaze gutega Oscar nyuma y'iminota 31, ariko PSG ntivyayibujije kurusimba nyuma y'iminota y'urukino hamwe n'inyongera, ikuramwo Chelsea muri 16 za nyuma mw'ihiganwa Champions League.

Yagize ati: " Igihe nahabwa ikarata itukura abakinyi ba Chelsea bose baciye banzunguruka.

"Numvise nk'uko umengo nkikujwe n'inzoya."

Abakinyi ba Chelsea kandi bazungurutse umuhagarikizi w'Umuholandi, Bjorn Kuipers, Ibrahimovic amaze gutega umunye Brezil akina hagati, Oscar.

Ibrahimovic yabandanije agira ati: "Nayobewe nimba vyonshavuza canke notangura gutwenga. Ku bwanje mpabwa ikarata itukura nagize nti uyu mugabo agomba kuba atazi ivyo ariko arakora."

Ibrahimovic w'imyaka 33 yanavuze ko yibaza ko Oscar yigirishije ko yakomeretse: "Sinzi nimba yariko arigirisha mu nyuma. Ivyo ntaco bikimaze. Twatsinze urukino, turabandanya, reka rero tuzorabe ibizokurikira."

Urukino ku kibuga ca Stamford Bridge rwaheze ari 2-2 ejo kuwa gatatu, bica biba 3-3 ku nkino zombi, PSG ica ija mu ca kane c'ihiganwa hakurikijwe itegeko ry'ibitsindo vyinjirijwe mu gihugu co hanze.