Gael Birimana afise ''indwara imubuza gukina''

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Gael Bigirimana yinjiye muri Newcastle mu 2012

Umumenyereza wa Rangers Stuart McCall avuga ko ababajwe na Gael Bigirimana bari batijwe na Newcastle Gael Biirimana, ariko yibaza ko atari akwiye kuba yaremerewe kwakirwa n'uwo mugwi.

Bigirimana, akina hagati, aracirindiriye kwinjira mu kibuga kuva agiye muri Rangers mu kwezi kwa mbere nyuma y'aho atorewe indwara itaramenyekana iyariyo.

Yazanywe n'uwahoze ari umukuru w'umugwi Derek Llambiasa atabanje gusuzumwa kwa muganga.

McCall avuga ati ''n'ibintu bibabaje bitari bikwiye kuba vyarashitse''

Uwo muhungu yavukiye mu Burundi yagiye muri Rangers ari kumwe n'abandi bakinyi bane bo muri Newcastle imbere y'uko harangira ikiringo co kugura abakinyi, ariko gushika ubu Haris Vuckic niwe wenyene yagumye akinishwa.

Remie Streete yakomeretse mu rukino rwa mbere, Shane Ferguson yafatiwe ingingo yo kudasubira gukina ikiringo gisigaye nawe Kevin Mbabu ava muri Swisse yakiniye Rangers mu mugwi w'abakiri bato gusa.

McCall avuga ko ''Bigi afise ingorane zo kwa muganga zimwerekeye, umuganga n'uwumukurikirana mu vy'inkino bose barazi ico kibazo''.

''Nari ndamuzi muri Coventry. Ndibuka ndaba ingene akina hanyuma nibaza ko ndonse aka kazi yari kuba umukinyi mwiza wo kuzana akatwongerereza inguvu''.

''Ariko kubera ico kibazo co kwa muganga, ntashobora kuzodukinira. Birababaje cane kuri uwo mwana nk'uko natwe bitubabaje. Si ikosa ryiwe, nta ruhara na rumwe abifisemwo''.

''N'ubwo rero tubabajwe no kudashobora kumukinisha, turanibaza ivy'uwo muhungu muri ico kibazo kuko ntashobora gusubira iyo yavuye, nta n'umwe agishobora gukinira''.

Bigirimana afise imyaka 21, yakiniye Newcastle inkino 28 kuva ashitse muri uwo mugwi avuye muri Coventry City mu 2012 aguzwe milioni y'ama pounds.

Ariko ntiyari bwasubire gukinira umugwi mukuru w'aba Magpies kuva mu 2013.