Manuel Pellegrini na City ntiborohewe

Manuel Pelegrini Ntiyorohewe muri City Uwufise ububasha kw’isanamu z
Image caption Manuel Pelegrini Ntiyorohewe muri City

Manchester City ihakwa guheza ihiganwa rya Premier League mu Bwongereza ari iya kane mu gihe vyagaragara ko yizeye ikibanza ca kabiri.

Biragaraga ko uwo mugwi, ufise igikombe c'ihiganwa riheruka, ugomba kwibagira ivyo kukigumana nyuma yo gutsindirwa ku kibuga ca Selhurst Park, 2-0 na Cristal Palace, ica ija inyuma ca Chelsea amanota icenda.

Chelsea kandi iracafise umukino itarakina, mu gihe ihiganwa risigaje imikino umunani.

Haciye indwi nkeyi gusa ibiharuro vyose vyerekana ko iri higanwa rizoba uguhangana hagati ya City na Chelsea, abari babari inyuma basa n'abatazobashikira.

Ariko ubu City isigaye yipfuza guheza muri zine za mbere, kandi biragoye kuvuga ko yokwizera kubishikako ata nkeka.