Gabon niyo izokwakira ikimbe ca Afrika 2017

Gabon yari imaze kwakira igikombe ca Afrika mu 2012 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Gabon yari imaze kwakira igikombe ca Afrika mu 2012

Igihugu co muri Afrika y'uburengero ca Gabon, nico kizokwakira ihiganwa ry'igikombe ca Afrika mu mupira w'amakuru kizoba mu myaka ibiri.

Gabon yarushije ibihugu vya Algeria na Ghana vyahiganirwa kwakira izo nkino.

Libya mu ntango yari yahawe ihiganwa ryo mu 2017, ariko ica ibivamwo kubera intambara yo mu gihugu hagati ikibandanya.

Gabon ntirigera itsindira igikombe ca Afrika, ariko iramaze kwakirai zo nkino iri kumwe na Guinee Equatoriale mu 2012.