Albert Ebosse ngo yarishwe

Albert Ebosse yapfiriye muri Algeria nyuma y'urukino Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Albert Ebosse yapfiriye muri Algeria nyuma y'urukino

Se w'umukinyi w'umupira w'amaguru wo muri Cameroun, Albert Ebosse, yapfiriye muri Algeria mu mwaka uheze, avuga ko umuhungu wiwe yishwe.

Rutahizamu, Ebosse, yapfuye mu kwezi kw'umunani mu mwaka uheze afise imyaka 25, nyuma y'aho umugwi JS Kabylie utsindiwe na USM Alger mu ciciro ca mbere co muri Algeria.

Icegeranyo casohowe na Algeria cavuze ko Ebosse yapfiriye mu bitaro ahitanywe n'igikomere co mu mutwe yagize amaze guterwa ikintu caje kiva mu barorerezi.

Andre Bodjongo, se wa Ebosse yabwiye BBC ati: "Ntiyakubiswe ibuye. Ntiyafashwe n'intandara. Umuhungu wanje yarishwe.

"Kuva umuhungu wanje yicwa, yaba umukuru wa JS Kabylie, canke abankinyi bakinana, nta n'umwe yigeze aduhoza. Nta muntu n'umwe muri iyo kipe yigeze ampamagara."

Umuhinga yasuzumye ikiziga ca Ebosse muri Cameroun, yavuze ko uwo mukinyi yishwe no gukubitwa.

Ibipimo vy'ikiziga ciwe muri Cameroun vyerekanye ko Ebosse yakubiswe mu mutwe, bituma avirirana imbere, vyonona ubwonko bwiwe, akaba kandi yaragize ibikomere vyo ku gice c'umubiri co hejuru, bikerekana ko habaye ibisa n'ukurwana.

Ibindi bimenyetso vyerekana ubugizi bwa nabi n'ukuvunika kw'amagufa yo mu mutwe hamwe n'igikomere ku bitugu.

Ubushikiranganji bwa Algeria bujejwe ubutungane bwatanguje itohoza ku rupfu rwa Ebosse itariki 19 z'ukw'icumi na kabiri ariko ivyarivuyemwo ntibirashirwa ahabona.