Umukinyi w'Umubirigi yishwe n'umutima

Gregory Mertens yaguye mu kibuga afashwe n'uburwayi bw'umutima Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Gregory Mertens yaguye mu kibuga afashwe n'uburwayi bw'umutima

Umukinyi w'umupira w'amaguru w'Umubirigi, Gregory Mertens, yitavye Imana nyuma y'iminsi itatu aguye mu kibuga yari mu rukino.

Uwo mukinyi w'inyuma yafashwe b'uburwayi bw'umutima urukino rwo kuwa mbere rumaze iminota mirongo ibiri.

Yaciye avurirwa vyihuta mu kibuga, aca ashirwa muri coma ashitse kwa muganga.

Ariko yabandanije kuremba, kuwa kane abaganga bahanura umuryango wiwe kuzimya imashini yari imutunze.

Mertens yatanguye gukinira ikipe ikomeye wo mu Bubirigi, Anderlecht, akaba kandi yari amaze gukinira Ububiri mu batarenza imyaka 21.

Ikipe yakinira, Lokeren, yavuze ko yasuzumwe kenshi mu kiringo yari amaze akina ngo kandi nta kibazo na kimwe cigeze kigaragara.