Mayweather yatsinze Pacquiao ku manota

Mayweather yatsinze Pacquiao ku buryo buhurijweko n'abatanga amanota bose.
Image caption Mayweather yatsinze Pacquiao ku buryo buhurijweko n'abatanga amanota bose.

Umuteramakofe w'umunye Amerika, Floyd Mayweather, yatsinze urukino rwa boxe rwari rurindiriwe na benshi kurusha izindi zimaze kuba mu myaka itari mike.

Mayweather yatsinze umunye Philippine barwana, Manny Pacquiao, ku buryo bwumvikanyweko n'abatanga amanota bose.

Abantu bashika hafi ibihumbi cumi n'indwi baje kuraba urwo rukino rwabereye mu nyubakwa ya MGM Grand Garden Arena i Las Vegas muri Amerika.

Hirya no hino kw'isi, abantu bashika imiriyoni zitatu baravye urwo rukino baruguze kuri televison.

Amwe mu matike yo kuraba urwo rukino yaronderwa cane, yongeye kugurishwa n'abari bayafise amahera ashika ku bihumbi cumi vy'amadolari itike imwe.