Mourinho yifuza kuguma mu Bwongereza

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Jose Mourinho

Jose Mourinho, umumenyereza wa Chelsea avuga ko adashaka kuva mu cicaro ca mbere c'umupira w'amaguru mu Bwongereza (premier league) ariko ko ashobora kumenyereza uwundi mugwi.

Mourinho, w'imyaka 52, yatanguye kumenyereza Chelsea ubugira kabiri mu 2013.

Igihe yawumenyereza ubwa mnbere mu 2004-2007, yavuye muri uwo mugwi inyuma yo kutumvikana na nyenewo Roman Abramovichbecame.

Mourinho yabwiye BBC Focus ati: ''ndabona ndiko ndamenyereza uwundi mugwi, ego, ariko ndakunda Chelsea kandi mdacari mu maboko ca Abramovich gushika ubu rero ndacari aha''

Yabandanije ati: ''umunsi Abramovich azovuga ati sinkibereye Chelesea, nshaka gukora, kandi bishotse, mu Bongereza nyene''.

Inyuma yo kugaruka muri Chelsea, uwo mumenyereza wo muri Portugal, ubu yagenywe nk'umumenyereza w'iki kiringo, yatumye uwo mugwi utsindira igikombe cawo ca premier league kigira kane-ica gatatu uronse kuri Mourinho-hamwe n'igikombe ca League Cup.

Igihe yava muri Chelsea yari yaciye aja kumenyereza Inter Milan yo mu Butaliano, mu nyuma aja muri Real Madrid atwara igikombe ca La Liga hamwe n'ikindi gikombe mu kiringo c'imyaka itatu yakoze ku murwa mukuru wa Espagne.