Sepp Blatter yifatiye mu gahanga abanenga FIFA

Sepp Blatter yiyamye yivuye inyuma abagaya FIFA Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Sepp Blatter yiyamye yivuye inyuma abagaya FIFA

Sepp Blatter yiyamye bimwe bikomeye abanenga ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA.

Aho yafata ijambo nyuma y'umunsi umwe asubiye gutorwa ngo arongore iryo shirahamwe, bwana Blatter yahakanye igiturire, yagiriza ibitangazamakuru kuba bikavya.

Ariko abo yiyamye cane ni ishirahamwe ry'umupira w'amaguru i Buraya, UEFA, hamwe n'umukuru waryo Michel Platini, amwagiriza kuba amufitiye umugambi w'urwanko.

Bwana Blatter yavuze ko yiyemeje kuzoshikana FIFA mu bihe vyiza.