Barcelona yirahiye Juventus 3-1

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Barcelona yigina igikombe ca UEFA

Ivan Rakitic niwe yugururiye abandi aho yahesheje igitsindo ca mbere Barcelona inyuma y'iminota ine gusa urukino rutanguye.

Mu nyuma igitsindo ca Alvaro Morata catumye baca banganya n'Abataliyano bagitangura igice ca kabiri.

Luis Suarez yongeye gutuma abanya Espagne baja imbere, nayo Neymar yinjiza igitsindo cugaye ibitego vy'urwo rukino mu masegonda ya nyuma.

Barcelona yegukanye igikombe ca Bulaya ku ncuro ya kane.

Iki kibaye kandi igikombe ca gatatu Barcelona itahukanye mu kiringo c'amahiganwa y'uyu mwaka mu mupira w'amaguru, aho yari imaze gutwara 2 vyo mu gihugu.