Ivya FIFA biracashushe, hamwe no gusubiriza Blatter

Sepp Blatter ashobora gusubirizwa mu kw'icumi na kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sepp Blatter ashobora gusubirizwa mu kw'icumi na kabiri

BBC yamenye ko inama yihutirwa izotora umurongozi mushasha wa FIFA, izoba itariki 16 z'ukwa cumi na kabiri i Zurich.

Bisigura ko Sepp Blatter afise amezi atandatu kugira ashire mu ngiro imigambi yiwe.

Ivyo kandi bivuga ko abashaka kwitoza muri ico kibanza bagomba kuba bashikirije amazina yabo itariki 16 z'ukw'umunani.

Jack Warner arisigura

Uwahoze ari icegera c'umukuru w'iryo shirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, Jack Warner, yanditse mu kinyamakuru ciwe i Trinidad na Tobago, yishura ku bintu vyose biriko biraba.

Uwufise ububasha kw’isanamu no credit
Image caption Jack Waner avuga ko niba umwe yagirwa, bose bagirwa

N'urwandiko rure rure rwo kwisigura mu gihe yagirizwa igiturire, ariko ahanini ashaka kuvuga ko leta zunze ubumwe za Amerika zishaka kwitwara nk'igipolisi c'isi mu kwihora ko kitahawe inkino z'igikombe c'isi co mu 2022.

Anavuga kandi ko harimwo ivangura ry'amoko, afatiye ku kuntu guha Afrika y'epfo igikombe c'isi co mu 2010 biriko biravugwako, akavuga ko bisa n'ukwinuba iragi rya Nelson Mandela.

Yanashize umuganwa wo mu Bwongereza William mu vyo avuga, akavuga ko kuba yari mu bashigikiye ko Ubwongereza bwakira igikombe co mu 2018, bisa n'igiturire, akagira ati "niba umwe yagirwa, bose baragirwa."