Usain Bolt "mushasha" mu Bwongereza

Zharnel Hughes (i buryo) w'imyaka 19 agereranywa na rurangiranwa Usain Bolt (i bubamfu) Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Zharnel Hughes (i buryo) w'imyaka 19 agereranywa na rurangiranwa Usain Bolt (i bubamfu)

Umunonotsi asiganwa mu banyaruka cane, Zharnel Hughes, azwi nka "Usain Bolt mushasha" agiye kwirukira umugwi w'Ubwongereza.

Hughes w'imyaka 19 yavukiye mu karere ka Anguilla kagenzurwa n'Ubwongereza, ariko yatunze passport y'Ubwongereza kuva akivuga.

Yagize ati "Namye nzi yuko nivyashika nkahiganwa mu nkino Olympique, nzoba nambaye impuzu z'Ubwongereza".

Mu kwa gatatu 2014, Hughes yeshe umuhigo wari ufiswe n'umunye Jamaica Yohan Blake mu kwiruka imetero 100 mu bakuze, abigira mu misegonda 10.12, ahakwa no gusiga Bolt.

Mu mahinganwa ya Diamond League y'i New York mu kwa gatandatu, yasizwe gako n'umunye Jamaica Bolt asanzwe ariwe afise imidari y'inzahabu Olympique mu metero 100 n'amajana abiri, aho yagize umwanya w'imisegonda 20.29.