Olympiakos izogabanya ibiciro vy'ama ticket

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ingaruka z'ikibazo c'ubutunzi mu Bugereki ngo ntizisiga inyuma umupira w'amaguru

Ivyo Olympiakos ngo uzobikora kubera ikibazo c'imyenda kivurwa mu gihugu c' Ubugereki muri kino gihe.

Uwujejwe urwego nyobozi rw'uwo murwi, Giannis Vrentzos, mu kiganiro yahaye abanyamakuru, yavuze ko nabo nyene ingaruka z' ubutunzi ziri ku bafana babo zitabasiga inyuma.

Yavuze ko Olympiakos ishobora gukora ama tickets agera ku bihumbi 18 afise igiciro kiri hagati y'ama euro 100 na 700., n'ukuvuga ko bazoba bagabanije nka 30-50%.

Bwana Vrentzos yavuze kandi ko uwo murwi uhagaze neza mu vyerekeye ubutunzi.