Michel Platini ashaka gutwara FIFA

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Michel Platini, arifuza gusubiza agateka FIFA

Mw'itangazo ryiwe Michel Platini yamenyesheje ko yifuza guha urwo rwego rw'umupira w'amaguru kw'isi, agateka karukwiye.

Uwusanzwe aramutswa urwego FIFA, Sepp Blatter, yatangaje ko ashaka kuva ku buyobozi bwarwo mu kwezi guheze.

Hari haciye iminsi mike cane bamwe mu bari muri urwo rwego rwa FIFA batawe muri yompi, kuber'itohoza rya leta zunze Ubumwe za Amerika ku birego vya ruswa.

Amatora yo gusubiriza Sepp Blatter azoba mu kwezi kwa kabiri.

Bwana Platini yari yigeze kwima amatwi abamutera akamo ngo ahangane na Blatter mu matora.