Manchester United iri mu kugura Anthony Martial

Anthony Martial (hagati) yinjije ibitsindo 31 mu mahiganwa aheruka mu Bufaransa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Anthony Martial (hagati) yinjije ibitsindo 31 mu mahiganwa aheruka mu Bufaransa

Umugwi w'umupira w'amaguru wo mu Bwongereza, Manchester United, uri hafi yo guheraheza kugura Anthony Martial wo muri Monaco mu Bufaransa, imiriyoni 36 z'amongereza.

Uwo mukinyi w'imyaka 19 vyavugwa ko ashobora kuja muri Arsenal, yahawe uruhusha rwo kuva mu Bufaransa kuri uyu wa mbere akaja gupimwa n'abaganga ba United.

Martial yinjije ibitsindo 31 mu ciciro ca mbere, Ligue 1, mu mahiganwa aheruka.

Niyashira umukono ku masezerano na United, Martial azoba abaye umukinyi wa gatatu wa United mu kuzimba, nyuma ya Angel Di Maria yaguzwe imiriyoni 59 n'ibihumbi amajana indwi y'amongereza, na Juan Mata yaguzwe imiriyoni 37 n'ibihumbi ijana.

Mata w'umunye Espagne akina hagati, yaje avuye mu mugwi mukeba Chelsea mu kwa mbere 2014, umunye Argentine Di Maria nawe aza avuye muri Real Madrid aguzwe amahera atari bwashikweko mu Bwongereza.

Nyuma y'ugutsindwa kwa United 2-1 na Swansea ejo kuwa Mungu, Van Gaal yavuze ko atazokwirukira kugura abakinyi mu gihe isoko rizokwugara ejo kuwa kabiri isaha cumi na zibiri ku masaha y'Ubwongereza.

Martial amaze gukinira umugwi nserukiragihugu w'abaterenza imyaka 21 mu Bufaransa, yahamagajwe mu mugwi w'ico gihugu w'abakuze ku nshuro ya mbere, itariki 28 z'uku kwezi.