Umunsi wa nyuma w'isoko ry'abakinyi

Bongani Khumalo agabisha abakurikira amahera mu kuza gukina i Buraya
Image caption Bongani Khumalo agabisha abakurikira amahera mu kuza gukina i Buraya

Iki ni ca gihe kidasanzwe mu mupira w'amaguru... aho abakinyi banka gukina kugira bagurishwe mu yandi makipe, nkumbure banaronke amahera menshi.

Uwahoze akinira Tottenham Hotspurs hamwe n'ikipe nserukiragihugu ya Afrika y'epfo, Bongani Khumalo, avuga ko bitari bikiwe kuba ibijanye n'amahera.

Khumalo yagiye muri Spurs mu 2011 ava muri uwo mugwi mu mpera z'ihiganwa riheruka.

Yamaze umwanya munini muri uwo mugwi ari mu basimbura gusa adahonyora mu kibuga.

Agira ati: "Abantu bakubwira ngo ntugire ikibazo, uriko urinjiza amahera ariko mu vy'ukuri iyo ari uko umeze ntuzokwigera utera imbere. Ivyo ni ibintu abantu bose bazi.

"Uba ushaka gukina, ego niko uba ufise ubuzima bwiza ariko ikintu nyamukuru n'ugukina umupira."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Christian Atsu wo muri Ghana, aramaze kwimurirwa mu makipe menshi kuva aho aziye muri Chelsea

Naho bitamuhiriye muri iyo kipe yo mu buraruko bwa London, Khumalo avuga ko aticuza kuba yaragiye muri Premier League, ariko akagabisha abashaka gukora nk'ivyo yagize, kubanza bakaraba ico bashaka.

Abandanya ati: "Abakinyi baza gukina i Buraya bagomba gutegera yuko ica mbere kibazanye ari umupira, ico nico kigomba kuba nyamukuru."

Khumalo ubu aramaze gusubira muri Afrika y'epfo gukinira umugwi wo mu ciciro ca mbere, Super Sport, aho yizera kunagura umupira wiwe.

Abakinyi benshi b'abanye Afrika baramaze gushinga imizi mu mupira w'amaguru i Buraya.

Ariko bamwe muri bo bisanze baricaritswe muri imwe mu migwi ikomeye, canke bagatangw ingurane mu yindi migwi yo hanze canke mu vy'iciro vyo hasi.

Abakinyi nk'umunye Ghana Christian Atsu ahembwa na Chelsea, aramaze kwimurwa mu migwi itandukanye myinshi kuva aho ashikiye muri uwo mugwi wo mu burengero bwa London.