FIFA: Igikomangoma Ali yongeye kwiyamamaza

Igikomangoma Ali Bin Al-Hussein Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igikomangoma Ali Bin Al-Hussein

Igikomangoma Ali Bin Al-Hussain cya Jordaniya kiratangaza ko kizongera kwiyamamariza umwanya w'ubuyobozi bw'ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA, mu gusimbura Sepp Blatter.

Atangiza umugambi we wo kwiyamamaza, igikomangoma Ali yijeje amahinduka muri iryo shyirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, akazanarwanya ruswa hamwe no guharanira iterambere ry'umupira w'abategarugore.

Ali yatsinzwe mu matora aheruka kuba mu kwezi kwa gatanu gushize, arushwa na Sepp Blatter waje kuvuga nyuma ko azasezera kuri ayo mabanga.

Abategetsi ba Fifa bari gukorwaho iperereza ku birego bya ruswa nyuma yaho bakurikiraniwe n'ubutegetsi bw'Amerika mu ntangiriro z'uyu mwaka.