Sepp Blatter yirinze kuja hanze y'ubu Swisse

Image caption Umupobozi wa FIFA Sepp Blatter

Sepp Blatter avuga ko azokwirinda ivyo mu gihe cose itohoza ku kibazo ca ruswa muri urwo rwego rikibandanya.

Sepp Blatter yategerezwa kuja mu rubanza mu Burusiya uno munsi, rwerekeye iminsi igihumbi basigaje imere yo kwakira inkino z'igikombe c'isi.

Mu kwezi kw'indwi bwana Blatter yavuze ko adashobora kwigerezako mu gihe hari imitahe yo gufata bamwe mu rwego rwa FIFA, n'ubwo mu nyuma yagiye iMoscow, aho leta ya Moscow idafitanye na leta ya Washington amasezerano yo guhana abagirizwa ivyaha.

Indege yari ireruye ejo umunyamabanga mukuru wa FIFA Jerome Valcke yariko yerekeza i Moscow yarasubijw einyuma inyuma y'aho FIFA umuhagarikiye mur'ayo mabanga kubera ibirego vya ruswa.