Liverpool yirukanye umutoza wayo Rodgers

Brendan Rodgers Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Brendan Rodgers

Umurwi w'umupira w'amaguru wa Liverpool wo mu Bwongereza wirukanye umutoza wawo Brendan Rodgers nyuma yo gutangira nabi irushanwa ry'uyu mwaka.

Abayobozi ba Liverpool b'abanyamerika bari bamuhaye amahirwe ya kabiri nyuma yo kurangiza nabi irushanwa ry'umwaka ushize, ariko ubu bisubiyeho babonye Liverpool inganyije na Everton ubusa k'ubusa.