Pirates na Orlando mu rukino rwa nyuma

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Pirates watsinze Al Ahly yo mu Misiri ari nawo ufise igikombe (4-3), mu rukino rwabaye ejo kuw'Imana i Suez, rwo kwishura.

Etoile du Sahel nayo yakuwemwo kuwa gatandatu na Zamalek yo mu Misiri (5-4) bateranije inkino zibiri.

Etoile iza ubwa gatatu mu mirwi ikomeye kuruta iyindi ku mugabane wa Afrika, inyuma ya Ahly na Zamalek, ikaba ari yo yonyene imaze gutsinda amahiganwa yose uko ari atanu.

Inkino zo mu gice ca nyuma zizobera ku magenekerezo ya 20 na 29 z'ukwa 11, urwa mbere rukazobera muri Afrika y'epfo.