Icegeranyo ca FIFpro ku kabonge mu bakinyi

Mu cirwa cakozwe n'abaganga ba FIFpro, casanze ibice 38% vy'abakinyi 607 basuzumwe bakiri mu mwuga, hamwe na 35 % mu bigeze muri uwo mwuga, bafise ibimenyetso vy'akabonge no guhahamuka, mu gihe c'indwi zine zabanzirije ibibazo babajijwe.

Mw'itangazo Dr Vincent Gouttebarge, ajejwe igisata c'ubuvuzi mw' ishirahamwe FIFpro yatanze, avuga ko yizeye ko ico cirwa kizofasha abafata ingingo mu gisata c'umupira w'amaguru, zo gufasha abakinyi bafise ibibazo vy'ihahamuka kugira ntibiyumve ko ari bonyene.

Ico cirwa kandi cerekana ko igice kitari gito c'abakinyi n'abahoze ari abakinyi bafise ibibazo vyo gusinzira.

Ikindi cirwa gisa n'ico ca FIFpro cakozwe mu mwaka uheze, cerekanye ko 26 % vy'ibimenytso vy'ihahamuka n'akabonge biri mu bakinyi bakiri mu mwuga, nayo 39% bikaba mu bawuhagaritse.

Mu mwaka uheze nyene, uwahoze ari kapiteni w'ikipe ya Nouvelle-Zelande Chris Jackson, yavuze ko yahanganye kera n'ico yise abadayimoni bari muri we, akavuga ko vyamuremesheje kumva ko atari wenyene.

Ibihugu bimwe nka Nouvelle-Zelande vyashizeho umugambi wo gukurikirana amagara y'abakinyi cane cane ku bijanye n'ibibazo vyo mu mutwe.