Sepp Blatter yasabiwe guhagarikwa muri FIFA

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sepp Blatter na Michel Platini

Ikibazo c'umukuru w'urwego rw'umupira w'amaguru kw'isi FIFA Sepp Blatter n'uwushaka kumususbirira Michel Platini, cari cizwe uyu munsi n'umurwi ujejwe kubahiriza inyifato.

Inama ya komite yakoranye bitumwe n'ingingo y'umushikirizamanza mukuru w'ubu Swisse, yo gutanguza itohoza kuri Blatter no kubaza Platini ku birego vya Blatter.

Abo bagabo bompi barahakana ivyo baregwa.

Ingingo yanyuma kuri Blatter ishobora gufatwa ejo kuwa kane.