Sudani y'Epfo irakina yisunze ubumwe

Sudani y'Epfo uno munsi ihura na Mauritaniya i Juba.

Urwo rukino rubaye mu gihe Sudani y'Epfo yiziziwe n'intambara hagati y'abavukagihugu, n'ubwo hari habaye amasezerano yo kuyihagarika.

Intambara muri Sudani y'epfo yatanguye mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2013.

Imaze guhitana abantu benshi, no gutesha ingo abagera ku miliyoni zibiri.