FIFA yahagaritse Worawi Makudi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Komite ishinzwe inyifato mu rwego rw'umupira w'amaguru kw'isi, ivuga ko amategeko yayo asa n'ayahonyanzwe, kandi ko hagiye kuba itohoza.

Bwana Makudi yari muri komite nshingwabikorwa ya FIFA mu kiringo c'imyaka 18 gushika mu kwa gatanu.

Mu ntango z'uyu mwaka, sentare yo muri Thailand yamuhamije icaha co kwiba mu gihe yasubira kwitoza nk'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'ico gihugu.

Guhagarikwa kwa bwana Makudi, kuje gukwirikira ukwo umukuru wa FIFA Sepp Blatter ubwiwe, hamwe n'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Bulaya Michel Platini, kubera ibirego vya ruswa.