Blatter yavuganiye Michel Platini

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Mu kiganiro ca mbere yatanze kuva ahagaritswe muri ayo mabanga yiwe mu ndwi iheze, Sepp Blatter yavuze ashimitse ko ayo mafaranga yahaye Michel Platini yaciye mu mwumvikano wa gishingantahe.

Abo bagabo bompi barahagaritswe mu mabanga yabo mu gihe ubu Swisse bukiri mw'itohoza ku birego vya ruswa bivurwa muri FIFA.

Bwana Blatter avuga ko umurwi ujejwe kubahiriza inyifato muri FIFA wafashe ingingo ya gihutihuti mu guhagarika icegera ciwe Michel Platini.

Ku bwiwe ngo uwo murwi wa FIFA wari kurindira kugeza itohoza riheze.