Wenger: Gutsinda Bayern vyaduhaye icizere

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Arsene Wenger yemera ko gutsinda Bayern ejo vyahaye icizere Arsenal n'abarorerezi bayo

Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger, avuga ko gutsinda Bayern Munich bizogarura icize ku kibuga ca Emirates.

Umugwi wa Wenger wari umaze gutsindwa imikino ibiri ya Champions League ariko ibitsindo vya Olivier Giroud na Mesut Ozil vyatumye batsinda igihangange co mu Budage 2-0.

Arsenal iguma ari iya nyuma mu mugwi F, ikaba isigaje kuja gukina i Munich itariki 4 z'ukwa cumi na rimwe, ariko bashobora kuja mu kibanza ca mbere muri Premier League kuwa gatandatu.

Wenger yagize ati: "Twategerezwa gutsinda kandi twarabikoze mu mukino ukomeye kandi twitwara neza.

"Bishobora kutwongera icizere hamwe n'icizere c'abarorerezi."

Bayern yari imaze gutsinda inkino 12 yikurikiranwa imbere yuko umukinyi wa Arsenal, Giroud, yinjiye asimbuye, yinjiza n'umutwe, Ozil nawe yinjiza umupira ahawe na Bellerin, baha Arsenal intsinzi.