Platini na Blatter bankiwe kwunguruza

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sepp Blatter (i buryo) na Michel Platini (i bubamfu) bari mu gihano ca FIFA c'iminsi 90

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, ryanse kwunguruza kw'umukuru waryo, Sepp Blatter, hamwe n'icegera ciwe, Michel Platini, ku ngingo zo kubahagarika mu kazi iminsi mirongo icenda.

Bahawe ico gihano mu kwezi guheze kubera ivyagiriji vya ruswa, bose uko ari babiri bahakana.

Bwana Platini, asanzwe ari mu bahiganirwa ikibanza co kurongora FIFA ma matora yo mu kwezi kwa kabiri, avuga ko ubu azokwitura sentare itatura amatati ajanye n'ivy'inkino.

Uko biri kuri ubu ntarekuriwe kwiyamamaza.

Bwana Blatter we, yaheruka mu bitaro kubera ibibazo bijanye n'umwitwarariko urengeje, ariko aravugana n'abamwunganira mu vy'amategeko.