Abanonotsi ba Kenya muri yegereyegere

Image caption Abanonotsi bagiriza abarongoye ikigo kibajejwe kurya ruswa

Abanonotsi ba Kenya bigaruriye ibiro vy'ikigo kijejwe kunonora imitsi muri ico gihugu, AK, babuza abakirongoye kwinjira.

Abagize ishirahamwe ry'abanonotsi babigize umwuga muri Kenya babariye BBC ko bashaka ko aborongozi ba AK batanga imihoho kubera ivyagiriji vya ruswa bakareka abahoze ari abanonotsi akaba aribo barongora ico kigo.

Abarongozi bo ku rwego rwo hejuru ba KA baragirijwe igiturire mu bijanye no guha isoko ikigo gihingura ibikoresho vy'inkino, Nike.

Icegera c'umukuru wa AK, David Okeyo, mu ntango z'indwi iheze yavuze ko ata mahera yanyurujwe kandi ko amasezerano na Nike arengeye uburongozi bw'ico kigo.

Abo banonotsi kandi bagiriza abo barongozi kuba barananiwe gukemura ikibazo c'ikoreshwa ry'imiti yongera inguvu.

Urwego nyobozi rw'ikigo Athletics Kenya, rwagomba kugira inama idasanzwe uno munsi ariko yasibijwe.