Abandi bakozi ba FIFA batawe muri yompi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Igipolisi ca Suisse cazindutse umutwenzi gita muri yompi abantu babiri b'urwego rw'umupira w'amaguru kw'isi FIFA.

Abatawe muri yompi bafashwe kubera itohoza ririko rikorwa na Leta zunze Ubumwe za Amerika, kuri urwo rwego rwa FIFA.

FIFA ivuga ko yari isanzwe izi ico gikorwa co gufata abakozi bayo, ikamenyeshako izokomeza gukorana neza n'abajejwe iryo tohoza.

Ubushikiranganji bw'ubutungane bwa Suisse bumenyesha ko abagabo babiri, batamenyeshejwe amazina, bakekwa ko kuba barakiriye ruswa iciye miriyoni z'ama dorari.

Bamwe mu batawe muri yompi bafatiwe mw'ihoteri ya Zurich, ahari hatewe umukwabu w'abafashwe itohoza rigitangura mu kwezi kwa gatanu.