Umumenyereza wa Liverpool arahayagiza Sturridge

Loverpool against Southampton Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Akanyamuneza ka Daniel Sturridge ahejeje kwinjiza igitsindo.

Jurgen Klopp arategera ico abantu biteze kuri Sturridge, inyuma yo kwinjiza 2 mu rukino rwabahuje na Southampton mw'ihiganwa rya capital one.

Uwo mukinyi w'imyaka 26, yahawe icizere co gutangura mu kibuga n'umumenyereza wiwe, Klopp, mu gihe yari amaze imisi yaravunitse.

Divock Origi, we yatsinze ibitsindo bitatu vyose mu gihe Jordon Ibe na we yatsinze igisindo kimwe catumye uwo mugwi wa Liverpool utahukana intsinzi y'ibitego 6 kuri 1, ubu ikaba igiye kwitegurira urukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma ruzoyihuza na Stoke City.

" Navuganye na Sturridge inyuma y'urukino, ubu ndazi ico abantu bose bariko baravugako, kuri ivyo yakoze" n'uko umumenyereza Klopp yavuze.

Daniel Sturridge yari amaze imisi ageramiwe n'imvune kuva mu kwezi k'umunani mu mwaka uheze, urwo rukino rwabahurije I St Mary.s rukaba rwari rubaye urwa gatanu muri uyu mwaka.