Isanganya rya Uganda Cranes

uganda cranes Uwufise ububasha kw’isanamu FUFA
Image caption Uganda yatsinze Urwanda 1-0 mu rukino rwa nyuma rwa CECAFA

Imodoka yarimwo umugwi nserukiragihugu w'umupira w'amaguru wagize isanganya igonganye n'iyindi unguruza abantu mu micungararo y'igisagara co mu burengero ca Mbale, nk'uko bivugwa n'abarongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru FUFA.

Nta n'umwe yba mu bakinyi canke mu bategetsi yakomeretse, nk'uko babandanya babivuga, ariko hari ababaye bidashemeye bakaba baciye babafasha vyihuta.

Ariko hari abapfuye muri iyo modoka yindi bagonganye, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Uganda.

" Turashimira Imana kuba yarinze Uganda Cranes" ivyo ni vyo vyanditswe ku rubuga rwa internet rwa FUFA.

Abo bakinyi bari bagiye kubonana na prezida Museveni, mu gisagara ca Soroti mu buraruko bwa Kampala, inyuma y';aho batahukaniye igikombe ca CECAFA