Yaya Toure: Umukinnyi mwiza muri Afurika 2015

Image caption Yaya Toure yashyikirijwe igihembo cya BBC cy'umukinnyi mwiza muri 2015

Yaya Toure ni we yatsindiye agashimwe ka BBC k'umukinyi mwiza w'umunye Afrika ko mu mwaka 2015.

Uwo mukinyi wo hagati wa Cote D'ivoire, afise imyaka 32, abaye uwa gatatu, inyuma y'abanye Nigeria Nwankwo Kanu na Jay-Jay Okocha, batawukanye ako gashimwe incuro zibiri.

Abakunzi b'umupira w'amaguru bahaye amajwi menshi Toure, akinira umugwi wa Manchester City, gusumba Yacine Brahimi, Pierre-Emerick Aubameyang, Andre Ayew na Sadio Mane.

Yaheruka gutsindira ako gashimwe mu 2013.

Yabwiye BBC Sport ati:" Mu by'ukuri, ndanezerewe. byari binkomereye nanjye kubera ko maze igihe mfite uruhare muri iki gihembo kandi kucyakira gitowe n'abafana ni ibintu bitangaje."

Umunye Algeria, Brahimi, yarigeze gutsindira ako gashimwe mu 2014, na yo umunye Ghana, Ayew, agatwara mu 2011. Aubameyang wo muri Gabon bubaye ubugira gatatu aja mu bahiganirwa ako gashimwe, mu gihe Mane wo muri Senegal, bubaye ubwa mbere aja ku rutonde rw'abahiganirwa ako gashimwe.

Toure yagiye ku rutonde rw'abahiganirwa ako gashimwe incuro zitandatu, intsinzi yiwe ubu itumye arangiza umwaka aronse agashimwe gakomeye, co kimwe n'ingene yatanguye umwaka arongoye abakinyiba Cote D'Ivoire mu gutsindira igikombe c'imigwi nserukira gihugu ya Afrika mu kwezi kwa kabiri.

Yari kizigenza w'uwo mugwi muri Guinee Equatorial, akaba ari we yabanje kwinjiza mu mukino w'igice ca kabiri gishira ica nyuma, bituma batisnda Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ibitsindo 3 kuri kimwe.

Toure yarafashije cane umugwi w'igihugu ciwe gushika kure, inyuma y'imyaka 23 urindiriye intsinzi igira kabiri yo ku mugabane wa Afrika, batsinze igihugu ca Ghana inyuma ya Penalty.

Cari kibaye igikombe ca mbere ca Toure aronse ariko arakinira umugwi w'igihugu ciwe, mu nkino zitandatu zose yagiyemwo y'imigwi nserukirabihugu muri Afrika, bakaba bakaba batsinze bamaze gutsindwa incuro zibiri zose bashitse mu rukino rwa nyuma, mu mwaka wa 2006 na 2012.

Toure ariko ntiyabonetse cane mu mugwi wiwe mw'ihiganwa ryo mu bwongereza, aho bananiwe gutahukana ntsinzi nko mu 2014, mu guheza mu kibanza ca kabiri inyuma ya Chelsea.

Ariko Toure yagumwe ari inkingi yo kwishimikiza hagati, aranafasha mu gutsinda ibitego indwi vy'umugwi wiwe wa Manchester City muri uyu mwaka.

Vera Kwakofi, ukuru w'uruganda rwo kumenyeshamakuru mw'ishami rya BBC Africa :" Ukuba kizigenza mu gihugu no mu mugwi wiwe, ni akarorero keza ku bakinyi benshi bakomeye kwigenza nkawe. Turanezerewe nka BBC, kuba turi ngaha kwigina no kwishimira hamwe n'abakunzi biwe muri kino gihe, aho bari hose kw'isi."

Abatahukanye ako gashimwe ka BBC k'umukinyi mwiza w'umupira w'amaguru muri Afrika mu mwaka:

Washindi wa zamani wa Tuzo ya BBC ya Mwanakandanda Bora wa Afrika wa Mwaka:

2014: Yacine Brahimi (Porto & Algeria)

2013: Yaya Toure (Manchester City & Ivory Coast)

2012: Chris Katongo (Henan Construction & Zambia)

2011: Andre Ayew (Marseille & Ghana)

2010: Asamoah Gyan (Sunderland & Ghana)

2009: Didier Drogba (Chelsea & Ivory Coast)

2008: Mohamed Aboutrika (Al Ahly & Egypt)

2007: Emmanuel Adebayor (Arsenal & Togo)

2006: Michael Essien (Chelsea & Ghana)

2005: Mohamed Barakat (Al Ahly & Egypt)

2004: Jay-Jay Okocha (Bolton & Nigeria)

2003: Jay-Jay Okocha (Bolton & Nigeria)

2002: El Hadji Diouf (Liverpool & Senegal)

2001: Sammy Kuffour (Bayern Munich & Ghana)

2000: Patrick Mboma (Parma & Cameroon)