Ubwongereza mu mugwi umwe na Pays de Galles muri EURO 2016

euro 2016 france Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ikibuga Riviera Allianz, kiri mu gisagara ca Nice, kimwe mu bizokwakira inkino za EURO 2016

Ubwongereza buri mu mugwi umwe na Pays de Galles, mu nkino zo gukuranamwo z’igikombe c’imigwi nserukirabihugu, zizobera mu Bufaransa mu mwaka uza.

Izo nkino zizokururwa n’urukino ruzohuza Ubufaransa na Roumanie itariki cumi ukwezi kwa gatandatu.

Urukino hagati ya Pays de Galles n’Ubwongereza ruzoba kw’itariki ya 16 mu gisagara ca Lens.

Ibirori vyo gutomboza vyari birongowe n’umunyamabanga mukuru wa UEFA, Gianni Infantino.

Uko imigwi izohura mu 2016

Umugwi A . Umugwi B 1 Ubufaransa 1Ubwongereza 2 Roumanie 2Uburusiya 3 Albanie 3Pays de Galles 4 Ubuswisi 4 Slovakia

Umugwi C . Umugwi D 1 Ubudagi 1 Espagne 2 Ukraine 2 Republika ya Checoslovaquie 3 Pologne 3 Turkia 4 Ireland y’uburaruko 4 Croatia

. Umugwi E Umugwi F 1 Ububiligi 1 Portugal 2 Italie 2 Izinga rya Iceland 3 Ireland 3 Autriche 4 Swede 4 Hongrie