Hiddink yoba agiye kumenyereza Chelsea?

Guus Hiddink Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Guus Hiddink ashobora kuba umumenyereza mushasha wa Chelsea

Uwahoze amenyereza umugwi nserukiragihugu wa Pays Bas, Guus Hiddink yimirije guhabwa akazi ko kumenyereza umugwi wa Chelsea, inyuma y’aho Jose Mourinho yirukaniwe muri ayo mabanga.

Uwo munye Pays Bas afise imyaka 69 ubu, ariko araganira n’abarongoye uwo mugwi muri imwe mw’ihoteli yo mu Bwongereza.

Hiddink, yarigeze kumenyereza Chelsea mu 2009, aho yabafashije kuronka igkombe ca FA, ariko ntarashira umukono ku masezerano n’uwo mugwi.

Chelsea iri mu kibanza ca 16, inyuma yo gutsindwa inkino 9 ku nkino 16 bamaze gukina gushika ubu mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza.