Andy Murry yatowe nk'umukinyi w'icamamare na BBC Sport

andy murry Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Andy Murray yatahukanye agashimwe ka BBC

Andy Murray yatowe na BBC kuba ari we yabaye icamamare mu nkino ubugira kabiri muri iyi myaka itatu.

Uwo yatsindiye ico kibanza mu mwaka 2013 niwe yahaye ingoga umugwi w’Ubwongereza zo gushika ku ntsinzi ya mbere y’igikombe ca Davis mu myaka 79.

Umukinyi rurangiranwa wa rugby, Kevin Sinfield, yari mu bahiganirwa c kibanza co kimwe n’umunonotsi Jessica Ennis-Hill ku ncuro ya gatatu.

Scott Murray w’imyaka 28, yaronse amawi 361,446 ku majwi 1,009,498(35%) y’abatoye, Sinfield aronka 278,353(28%) hanyuma Ennis-Hill 78,898(8%)

Ako gashimwe Murray yagashikirijwe n’umukinyi wa Box wo muri Irlande Barry McGuigan, imbere y’abantu 7,500 I Belfast.

Mur uyu mwaka, Murray yarashitse mu gice ca nyuma ca Australian Open hamwe no mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino za Wimbledon na French Open.

Yarangihje umwaka ari mu kibanza ca kabiri kw’isi, atsinze uncuro 11 mu nkino za Davis, incuro zitatu zose atsinze ububiligi.

Yarigeze kandi kugenwa nk’umukinyi rurangiranwa akiri muto mu 2004.

“Murakoze cane, sinari ndavyiteze,” uko ni ko Murray yavuze.

“Ndashimiye uwo wese yabigizemwo uruhara muri rino joro.uru rwabaye urugendo rw’imyaka itanu, twagiye tugwa tuvyuka mu nkino za tennis ku nzego zose, none ubu tubaye aba mbere”.

“ Ubu buzima bwanje nabuhaye uru rukino kandi ndakora cane buri musi kugira ndabanezereze.