Real Madrid yanyagiye Rayo Vallecano ibitsindo 10-2

real madrid against rayo vallecano Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Real Madrid yantsinze Rayo Vallecano 10-2

Umugwi w’umupira w’amaguru wa Real Madrid yanyagiye umugwi wa Rayo Vallenca ibitsindo cumi vyose kuri bibiri.

Madrid yatanguye gutsindirwa ibitego na Danilo, hanyuma Rayo Vallecano na bo baratsinda igitsindo co kunganya, mbere baranabasumvya 2-1.

Muri iyo ntsinziy’ibitsndo 10-2, uretse umukinyi Danilo, ibindi bitsindo vyanjijwe nan a Gareth Bale, ibitsindo 4, Christiano Ronaldo 2, Karim Benzema 3, mu gihe ibitsindo vya Rayo Vallecano vyinjijwe na Antonio Amaya na Jozabed.

Iyo ntsinzi atumye Real Madrid iguma mu kibanza ca 3, amanota 2 inyuma y’imigwi iri kwisonga ya Barcelone na Athletico Madrid